Umugwi wa Valence wahanywe

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Igihe abakinyi ba Barcelone baterwa ayo macupa, Neymar na Suarez baciye biryamika hasi
Umugwi wa Valence waciwe ihadabu ry’ama Euro 1,500 inyuma y’aho batereye abakinyi ba Barcelone amacupa yavuyemwo amazi, mu rukino rwabahuje ku musi wa gatandatu.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Espagne ryagabishije umugwi wa Valence ko rishobora kwugara kibuga cawo ca Mestella mu gihe ibintu nk’ivyo vyosubira gushika.
Amacupa ya plastique yavuyemwo amazi yaratewe abakinyi ba Barcelone igihe bariko barigina penalty yari ihejeje guterwa na Lionel Messi ku munota wa 94, yatumye batahukana intsinzi y’ibitego 3-2.
Luis Suarez na Neymar bose baciye bikubita hasi igihe ayo macupa yagwa mu kibuga.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Espagne ryanebaguye ingene abakinyi ba Barcelone “barengeje urugero mu kwerekana akababaro” no mu kuja kwiginira igitego cabo imbere y’abakunzi b’umugwi wa Valence, bongerako ko “ata kintu na kimwe cosigura” iyo nyifato imbere y’abakunzi ba Valence.
Iryo shirahamwe kandi ryashimiye umugwi wa Valence ku kungene wanyarukije amatohoza yo kumenya abateye ayo macupa.