Man Utd bakuyemwo Man City muri EFL

Juan Mata yinjije igitego ca gatatu muri uyu mwaka w'inkino

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Juan Mata yinjije igitego ca gatatu muri uyu mwaka w'inkino

Manchester United yatsindiye kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma mu nkino z’igikombe ca EFL inyuma yo gutsinda Manchester City igitego 1-0.

Juan Mata ni we yatsinze ico gitego kimwe rukumbi co muri urwo rukino, inyuma yo guhabwa umupira n’umukinyi w’imbere Zlatan Ibrahimovic.

Imbere y’uko ico gitego cinjira, Paul Pogba yari yateye ku mwamba w’igori.

Mu gice ca mbe, nta n’umwe yateye umupira uboneka mw’igori ry’uwundi.

Manchester United ubu bazohura na West Ham batsinze Chelsea ibitego 2-1.

Iyo ntsinzi ya Manchester United ibaye iya kabiri mu nkino zitanu, n’iya kane ku mumenyereza Josee Mourinho mu nkino 18 bahuriyemwo na Pep Guardiola.