Guardiola: Urukino hagati ya City na Barcelone ni nk'urwa nyuma

Pep Guardiola agereranya urukino hagati ya Man City na Barcelone nk'urwa nyuma

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Pep Guardiola agereranya urukino hagati ya Man City na Barcelone nk'urwa nyuma

Umumenyereza w’umugwi wa Manchester City, Pep Guardiola, avuga ko urukino hagari y’uwo mugwi na Barcelone ruza kuba ari nk’urukino rwa nyuma.

Manchester United yatsinzwe ibitego 4-0 na Barcelone mu mugwi C, mu rukino rwabereye muri Espagne rw’imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

Vyitezwe ko Sergio Aguero aza kuba ari mu batangura mu kibuga ku ruhande rwa Manchester City, mu gihe Pablo Zabareta aza kuba ariko arakina inyuma.

“Twatakaje amanota abiri turiko turakina na Celtic, dutegerezwa kuyisubiza,” ni ko Guardiola, yahoze amenyereza Barcelone yavuze.

“Si urukino rwa nyuma kuri bo, ariko ni nk’urukino rwa nyuma kuri twebwe,” uko ni ko yongeyeko.

Umugwi wa Barcelone uzoba ubuze umukinyi akomeye wo hagati, Andres Iniesta, yavunitse, hamwe na Gerard Pique, Jordi Alba, Aleix Vidal na Jeremie Mathieu, baronse ibihano mu rukino rwa mbere.

Ku ruhande rwiwe, umumenyereza wa Barcelone, Luis Enrique, yavuze ko ibiza kuba ari nk’ivyo babonye ku kibuga ca Camp Nou muri Espagne.

Mu zindi nkino, imigwi iza guhura gutya:

Mu mugwi A

Ludogorets Razgrad-Arsenal

Bale-Paris St Germain

Mu mugwi B

Besiktas-Naple

Benfica Lisbonne-Dynamo Kiev

Mu mugwi C

Borussia M'Gladbach-Celtic Glasgow

Manchester City- FC Barcelone

Mu mugwi D

Atl. Madrid - FK Rostov

PSV Eindhoven-Bayern Munich