Man City yaronse uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa muri UEFA

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
David Silva ni we yatsinze igitego ca Man City
Umugwi wa Manchester City waronse uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa ry’imigwi yabaye iya mbere iwabo I Buraya, inyuma yo kunganya 1-1 na Borussia Monchengladbach.
Muri urwo rukino rutari rworoshe, imigwi yose yarangije urukino isigaranye abakinyi 10 mu kibuga.
Umukinyi wo hagati wa Borussia, Lars yahawe ikarata itukura ku munota wa 51 imbere y’uko Fernandinho wa Man City na we aronka ikarata nk’iyo nyene ku munota wa 63.
Umumenyereza wa Man City, Pep Guardiola yavuze ko yanezerejwe n’ingene abakinyi biwe bavyifashemwo, yongerako ko uko urukino rurangiye bitumye batazohura ma Bayern Munich.
Ingene izindi nkino zagenze:
Besiktas 3-3 Benfica
FC Rostov 3-2 Bayern Mun
Arsenal 2-2 Paris St G
PFC Ludogorets Razgrad 0 -0 Basel
Napoli 0 -0 Dynamo Kiev
Borussia Mönchengladbach 1-1 Manchester City F.C.
Celtic 0-2 Barcelona
Atlético Madrid 2-0 PSV Eindhoven