Umukuru wa FIFA ashaka kwongera amakipe mu gikombe c'isi

Gianni Infatino ashaka guha ibihugu vyinshi amahirwe yo kuja mu gikombe c'isi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Gianni Infatino ashaka guha ibihugu vyinshi amahirwe yo kuja mu gikombe c'isi

Gianni Infantino ashaka ko mu mahiganwa akurikira hazoja haba ibihugu bitatu mu mugwi umwe, habe imigwi 16 n'ibihugu 48 mu gikombe c'isi.

Infantino, yabaye umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, mu kwa kabiri, yamye ashaka kwongera amakipe aja mu gikombe c'isi akava ku 32 akaba 40.

Hakurikijwe ubwo buryo ashima bw'imigwi 16, ikipe zibiri za mbere zoca zibandanya muri 32 zanyuma hamwe no mu nkino z'ijonjora zikurikira.

Ingingo izofatwa mu kwa mbere ariko ntivyitezwe ko vyoja mu ngiro imbere y'igikombe c'isi co mu 2026.

Uwufise ububasha kw’isanamu All Sports/Getty Images
Image caption Igitigiri c'amakipe aja mu gikombe c'isi giheruka kwongerwa mu 1998 igihe ihiganwa ryava ku makipe 24 akaba 32

Urwego nyobozi rwa FIFA ruzoganira kuri ico cifuzo itariki 9 z'ukwa mbere ariko Infatino w'imyaka 46, yari yagize intumbero yiwe ya mbere kwongera amakipe aja mu gikombe c'isi, kuko ashaka ko haba ibihugu vyinshi bironka amahirwe yo kuja mu gikombe c'isi.

FIFA nitemeza ico cifuzo c'imigwi 16 mu gikombe c'isi, hashobora kurabwa ubundi buryo burimwo:

  • Ukundi kuntu amakipe 48 yohurira mu rindi higanwa ryovamwo amakipe 32 ahurira mu mukino umwe umwe w'ijonjora, abatsinze bagasanga izindi kipe 16 zaronse itike uko bisanzwe;
  • Kugumiza ihiganwa uko risanzwe ritunganijwe n'amakipe 32;
  • Kuyongera akaba amakipe 40 (hakaba imigwi 10 y'amakipe ane canke imigwi umunani y'amakipe atanu).

Igitigiri c'amakipe aja mu gikombe c'isi giheruka kwongerwa mu 1998 igihe ihiganwa ryava ku makipe 24 akaba 32.

Ihiganwa ry'igikombe ca Buraya ca Uefa co mu 2006 ryagiyemwo amakipe 24, ava kuri 16 yari asanzwe arijamwo kuva mu 1996.