Mahrez yatsindiye agashimwe ka BBC k'umukinyi mwiza wa Afrika

Riyad Mahrez ahejeje kuronka agashimwe ka BBC k'umukinyi mwiza wa Afirka wa 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Mark Harvey
Image caption Riyad Mahrez ahejeje kuronka agashimwe ka BBC k'umukinyi mwiza wa Afirka wa 2016

Riyad Mahrez yatsindiye kuba umukinyi mwiza w'umupira w'amaguru ku mugabane wa Afrika wa BBC mu mwaka wa 2016.

Abakunzi b'umupira w'amaguru bo ku mpande zose z'isi batoye uwo mukinyi wo hagati wa Algeria hamqwe n'umugwi wa Leicester ko ari we mukinyi mwiza gusumba Perre-Emerick Aubemeyang, Andre Ayew, Saidio Mane na Yaya Toure.

Mahrez yabwiye BBC Sport: "Aka gashimwe gasigura vyinshi kuri jewe kubera jewe ndi umunyafirka kandi ni ikintu gikomeye ku mukinyi wo muri Afrika, kuri ivyo mfise akamwemwe katagira uko kangana, ndishimye kuba ndakaronse."

Aka gashimwe ni ikimenyetso ciza kuri uyu mukinyi w'imyaka 25, amaze gutwara igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza, yongera atwara ako umukinyi kwiza w'umwaka atowe n'abakinyi bagenzi we bo mu Bwongereza.

Mahrez yatowe mu bandi ko ari we mukinyi mwiza, umuryango wiwe uva mu kigwati gito ca El Khemis mu gihugu ca Algeria.

Yarafashije cane umugwi wa Leicester City gutwara igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza ata n'umwe yari avyiteze, aho yinjije ibitego 17, yongera agira uruhara mu gutsinda ibindi 11, mu gihe amahirwe yo gutahukana igikombe yangana na 5000-1 gusa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Mark Harvey
Image caption Mahrez ari kumwe n'umumenyereza wiwe wa Leicester Claudio Ranieri

Mu kwezi kwa gatanu, Mahrez yabaye umunyafrika wa mbere atowe nk'umukinyi mwiza gusumba abandi mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza na bagenzi we, inyuma y'imyaka ibiri gusa agiye mu mugwi wa Leicester avuye muri Havre ku mapawundi 400.000.

Ni intambwe ikomeye kuri uyu mukinyi yatanguye gukina umupira mu mabarabara y'aho yaba akiri muto, ubu akaba ari rurangiranwa ahiganwa n'ibindi bihangange bikomeye kw'isi mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

Amaze gutsinda ibitego bine mu nkino zitanu z'umigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya, ikimenyetso ko ashobora no gukina mu migwi ikomeye kw'isi.

Mu nkino zitanu amaze gukinira igihugu ciwe ca Algeria, amaze gutsinda ibitego bibiri, afasha gutsinda ibindi bitanu, akaba yarafashije kugira uwo mugwi uje mu nkino za nyuma za Afrika zitegekanijwe mu kwezi kuza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Mark Harvey
Image caption Mahrez ari kumwe n'umumenyeshamakuru wa BBC Peter Okweoche

Na FIFA iramaze kumushimira, ikaba yamushize ku rutonde rw'abakinyi bazohiganirwa ikibanza c'umukinyi mwiza kw'isi - Umunyafrika umwe gusa mu bakinyi 23.

Mahrez agiye ku rutonde rw'ibindi bihangange vyo muri Afrika harimwo Abedi Pele, Jay -Jay Okocha na Didier Drogba bigeze gutwara agashimwe nkako ka BBC.

Mu gihe bigaragara ko agifise imyaka myinshi yo gukina, Mahrez aracafise akaryo ko kunezereza abakunzi biwe, berekanye ingene bamwemera.