Cristiano Ronaldo yatsindiye umupira w'inzahabu wa 2016

Cristiano Ronaldo na Lionel Messi batsindiye ico gikombe imyaka icenda yose bahanahana atawubaciriyemwo.
Umukinyi w'imbere wa Real Madrid, Cristiano Ronaldo yatsinze mugenzi we Lionel Messi wa Barcelone, mu kuba umukinyi mwiza ahawe umupira w'inzahabu, akaba akironse ku ncuro ya kane.
Ronaldo w'imyaka 31 ubu akeneye gutwara ako gashimwe rimwe gusa kugira ashikire Lionel Messi amaze kugatwara ico gikombe incuro zitanu.
Umukinyi w'imbere wa Atletico Madrid hamwe n'igihugu c'Ubufaransa, Antoine Griezmann yaronse ikibanza ca gatatu.
Ronaldo yarafashije Real Madrid gutsindira igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo mu mwaka uheze co kimwe no gutwara igikombe c'ibihugu vya Buraya mu 2016 ku gihugu ciwe ca Portugal.
Lionel Messi ni we yaheruka gutwara ako gashimwe mu 2015
Ronaldo yatsinze umupira w'inzahabu wa 2008, 2013, 2014 na 2016, kandi kuva mu 2009 bagenda bahererekanya na Messi.
"Sinigeze nibaza ko notwaye uyu muoira w'inzahabu incuro zine ndanezerewe cane, numva akamwemwe", ni ko Ronaldo yavuze.
"Nkoresheje aka karymu gushimira abo dukinana, umugwi wanje w'igihugu, abamenyereza bose bamfashije kuronka agashimwe nk'aka."
Ronaldo yavuze ko umwaka wa 2016 ari mwiza kuri we.
Uwo mukinyi yahoze akinira Manchester United yatsinze ibitego 19 mu nkino 20 mu mugwi wiwe no mu mugwi nserukiragihugu.
Urutonde rw'abakinyi beza kw'isi kuva mu 2003
2016: Cristiano Ronaldo
2015: Lionel Messi
2014: Cristiano Ronaldo
2013: Cristiano Ronaldo
2012: Lionel Messi
2011: Lionel Messi
2010: Lionel Messi
2009: Lionel Messi
2008: Cristiano Ronaldo
2007: Kaka
2006: Fabio Cannavaro
2005: Ronaldinho
2004: Andriy Shevchenko
2003: Pavel Nedved