Abanonotsi batatu b'Ubushinwa batswe imidari

Chen Xiexia ari mu batswe imidari y'inzahabu batsindiye mu nkino Olempike zo mu Bushinwa mu 2008 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Chen Xiexia ari mu batswe imidari y'inzahabu batsindiye mu nkino Olempike zo mu Bushinwa mu 2008

Ishirahamwe mpuzamakungu ry'inkino Olempike ryatse abagore batatu b'Abashinwa bahiganwa mu guterura ibiremereye, imidari y'inzahabu batsindiye mu 2008.

Batswe iyo midari bimaze kugaragara ko bakoresheje imiti yongera inguvu, hasubiwemwo ibipimo bari bakorewe.

Cao Lei, Chen Xiexia na Liu Chunhon, bose basanze barafashe umuti w'ubwoko GHRP-2 utuma imisemburo ifasha umubiri gukura yiyongera.

Baciye bakwa imidari batsindiye mu nkino Olempike zo mu Bushinwa mu 2008.

Hakurikijwe amategeko mpuzamakungu y'ishirahamwe ry'ihiganwa ryo guterura ibiremereye, Ubushinwa ubu bushobora guhagarikwa ikiringo c'umwaka muri iryo higanwa.