Costa yakuwe ku rutonde rw'abakina inyuma y'amatati na Chelsea

Diego Costa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Costa yagiye muri Chelsea avuye muri Atletico Madrid mu 2014 ku mapawundi imiliyoni 32

Diego Costa ntari ku rutonde rw'abakinyi ba Chelsea baza gutana mu mitwe na Leicester City mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza bivuye kuguterana amajambo n'umumenyereza amagiriza ko atifashe neza.

Uwo mukinyi wo muri Espagne amaze imisi itatu atagira imyimenyerezo kandi ntiyajanye n'abandi bo muri uwo mugwi ubu uri kw'isonga mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza baza gukina na Leicester City isaha 17:30 GMT

Hari inkuru zivuga ko yoba ashaka kuja gukina mu Bushinwa aho yoza arahembwa imiliyoni 30 z'amapawundi buri mwaka.

Costa w'imyaka 28 amaze gutsinda ibitego 14, atanga n'imipira myiza 5 muri uyu mwaka.

Chelsea nta co irabivugako.

Birazwi ko nyene umugwi wa Chelsea, Roman Abrahamovich adashobora kumurekura kuko bafitaniye amasezerano yo gushika mu 2019, kandi nta n'icotuma abigira ku nguvu.

Mu ntango z'ukwezi kwa mbere, Costa yaremeye ko yigeze gushaka kuva muri Chelsea, ko ariko ubu anezerejwe no kuba yarahagumye.

Chelsea yari yaremeye guha amasezerano mashasha n'uwo mukinyi yavukiye muri Brezil, ariko kubera ayo matati bishobora gutera ingorane.

Uwufise ububasha kw’isanamu Other
Image caption Imihigo ya Diego Costa mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza ari muri Chelsea

Diego Costa yaguzwe na Chelsea mu 2014 amapawundi imiliyoni 32, bikaba vyavugwa ko ashobora gusubira mu mugwi yaje avamwo wa Atletico Madrid inyuma yo kutagaragara cane mu mwaka wa 2015-2016