AFCON 2017: Senegal iri mu kibanza ca mbere mu mugwi B

Abakunzi b'umugwi wa Senegal Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakunzi b'umugwi wa Senegal

Senegal yatanguye inkino z'igikombe ca Afrika mu gutsinda Tunisia ibitego 2-0 mu mugwi B.

Tunisia bahatswe gutsinda igitego ca mbere inyuma y'iminota wa 2 urukino rutanguye, aho Ahmed Akaichi yaronka akaryo keza ko kwinjiza n'umutwe ariko umupira uca usohoka hanze.

Senegal yaronse igitego ca mbere kuri penaliti yatewe na Sadio Mane inyuma y'ikosa ryakozwe na Cheikhou Kouyate.

Kara Mbodji ni we yatsinze igitego kigira kabiri akoresheje umutwe.

Tunisia yarahatswe kwinjiza incuro nyinshi na cane cane umukinyi Youssef Msakani.

Iyo ntsinzi y'umumenyereza Aliou Cisse n'abasore biwe yatumye baja kw'isonga mu mugwi bwarimwo B, inyuma y'aho Algeria inganirije na Zimbabwe 2-2.

Uwufise ububasha kw’isanamu Khaaled Desouki

Umukinyi rurangiranwa wa Algeria Riyad Mahrez ni we yatsinze ivyo bitego bibiri vyose vyatumye banganya.

Ibitego bibiri vya Zimbabwe vyatsinzwe na Kudakwashe Mahachi na Nyasha Mushekwi, yinjije kuri penaliti.

Umukinyi wo hagati Khama Billiat ni we yabonetse cane mu kibuga, akaba yabuze gato ngo yinjize aho umunyegoli wa Algeria Rais Mbholi yakuramwo umupira yari ateye ari ku metero 30.