Afcon 2017: Algeria isezeye mu gikombe ca Afrika idatsinze na rimwe

Umukinyi w'inyuma wa Algeria Liassine Cadamuro-Bentaiba ariko agwanira umupira na Papakouli Diop yinjirije igitego Senegal

Ahavuye isanamu, KHALED DESOUKI

Insiguro y'isanamu,

Umukinyi w'inyuma wa Algeria Liassine Cadamuro-Bentaiba ariko agwanira umupira na Papakouli Diop yinjirije igitego Senegal

Algeria yavuye mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika ririko rirabera muri Gabon ata rukino na rumwe batsinze.

Banganije na Senegal 2-2 mu mugwi B, mu rukino bategerezwa gutsinda kugira bashobore bashobore kurokoka.

Islam Slimani ni we yatsinze ivyo bitego vyose .

Ariko incuro zibiri zose, Senegal yagiye igombora, biciye ku bakinyi Papakouly na Moussa Sow.

Algeria yagiye muri iryo higanwa benshi bibaza ko ishobora gutahukana ico gikombe, ariko bavuyeyo banebagurwa uravye umwimbu bakuyeyo.

Inyuma yo kunganya mu rukino rwa mbere na Zimbabwe, hanyuma bagatsindwa ubugira kabiri na Tunisia yaraye ironse uburenganzira bwo kubandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma mu gutsinda Zimbabwe 4-2, ico gihugu gitashe cimyiza ibamfu.

Inkino zitegekanijwe mu mugwi C itariki 24 z'ukwa mbere:

Maroc- Cote d'Ivoire

Togo- RDC