Icizere ca Arsenal co guhamvya Chelsea kigenda kirengerana

Ahavuye isanamu, AP
Chelsea ubu iri imbere n'amanota 12 irusha ikipe iyiri inyuma
Chelsea yihaye intambwe y'amanota cumi n'abiri irusha izindi kipe muri Premier League mu Bwongereza, mu gutsinda Arsenal biyoroheye 3-1.
Marco Alonso yinjije ica mbere n'umutwe ari hafi cane y'igoli, ku mupira wari uvuye ku cuma c'igoli wari watewe na Diego Costa.
Chelsea yaronse ica kabiri nyuma y'iminota indwi bavuye mu karuhuko, igihe Eden Hazard yinjiza amaze gukora ibisa n'igitangaza mu gucenga ab'inyuma bose ba Arsenal avuye hagati y'ikibuga.
Cesc Fabregas yinjije ica gatatu cemanze intsinzi mu kuroba uwari umunyegoli bakinanye, Peter Chech, ahejeje gutera nabi umupira.
Olivier Giroud niwe yinjije igihozamarira ca Arsenal, ubu ikaba irushwa na mukeba wayo w'i London amanota 12.