Ikipe ya Cameroun yakiriwe bwa gitwari ishitse muhira

Cameroun itwaye igikombe ca Afrika ubugira gatanu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Cameroun itwaye igikombe ca Afrika ubugira gatanu

Ikipe y'umupira w'amaguru nserukiragihugu ya Cameroun yakiranywe igishika cinshi nyuma yo gutsindira igikombe c'ihiganwa rya Afrika.

Kapitene wayo, Benjamin Moukandjo niwe yari afise ico gikombe agifatiye hejuru igihe bava mu ndege.

Isinzi ry'abantu barengewe n'umunezero bahobereye abakinyi ku kibuga c'indege ca Yaounde.

Abashikiranganji muri leta nabo bari bashitse ku kibuga c'indege kwakira iyo kipe.

Cameroun yari yabanje kwinjizwa kimwe ejo kuwa Mungu ariko irivyukiranya yinjiza bibiri, itsinda Misiri mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa rwari rubereye ijisho cane muri Gabon.

Iki kibaye igikombe ca Afrika kigira gatanu Cameroun itahukanye.