Perezida wa CAF yegendeye Somalia

Bamwe mu bamwakiriye bair bafise amabendera ariko ifoto yiwe
Insiguro y'isanamu,

Perezida wa CAF yakiriwe i Mogadishu

Umukuru mushasha w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa Afrika CAF, yagendeye Somalia aho yakiriwe ku mugwa mukuru Mogadishu

Mu bamwakiriye harimwo abafise amabendera ariko ifoto yiwe.

Insiguro y'isanamu,

Yaganiriye n'abategetsi ba Somalie ku kibazo co guteza imbere umupira w'amaguru muri ico gihugu.

Ahmad, abaye umukuru wa CAF wa mbere agendeye Somalia, yagendeye ikibuga gikuru ca Mogadishu.

Mu vyo baganiriye n'abajejwe inkino mu gihugu, harimwo gutez'imbere umupira w'amaguru muri Somalia.