Premier League: Guhererekanya abakinyi vyoba imbere y'ihiganwa

Kazoza ka Gylfi Sigurdsson na Philippe Coutinho ntikaramenyekana naho ihiganwa rimaze gutangura Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kazoza ka Gylfi Sigurdsson na Philippe Coutinho ntikaramenyekana naho ihiganwa rimaze gutangura

Amashirahamwe y'umupira w'amaguru yo muri "Premier League" mu Bwongereza ariko arihweza ukuntu uguhererekanya abakinyi (transfert) vyorangira imbere yuko ihiganwa ritangura kuva mu mwaka uza.

Ikiringo co guhererekanya abakinyi mu mashirahamwe menshi ya Buraya kirangira itariki 31 z'ukwezi kw'umunani, hafi indwi zitatu ihiganwa rya Premier League ritanguye.

Hategekanijwe amatora yo kuvyumvikanako itariki 7 y'ukwezi kw'icenda, mu nama y'abanyamitahe ba Premier League.

Umumenyereza wa Liverpool, Jurgen Klopp hamwe n'uwa Swansea, Paul Clement bari mu basavye ko ibintu bihinduka.

Amategeko ya Fifa avuga ko kugura canke kugurisha abakinyi vyorangira itariki 1 y'ukwezi kw'icenda.

Bino vyarateye ingorane uno mwaka mu gihe hari abakinyi benshi ba Premier League barimwo Virgil van Dijk wa Southampton, Gylfi Sigurdsson wa Swansea na Ross Barkley wa Everton, ivyabo bitaradadanuka.

Abo bakinyi bose nta numwe yakinye mu rukino rwo gutangura ihiganwa mu gihe bakirindiriye ivyabo ingene bigenda.

"Vyobaye vyiza iyo uguhererekanya abakinyi kwoza kurarangira imbere yuko ihiganwa ritangura," niko Clement yavuze.

Mu biriko birasabwa, imigwi iri mw'ihiganwa rya Premier League nta burenganzira yoba igisigaranye bwo kugura abakinyi ihiganwa ryatanguye.

Klopp yagize ati: "Iyo uguhanahana abakinyi biba vyugawe kare, vyari kudufasha uno mwaka.

"Muri rusangi vyumvikana kurusha ko igihe ihiganwa ritanguye, imirwi yose ikwiye kuba yararangije kwitegurira ihiganwa."

Abasaba amahinduka bavuga ko uguhererekanya abakinyi kwo mu kwezi kwa mbere kwogumaho.

Ku matohoza yakozwe, vyahishuwe ko 24% vy'abakinyi bashasha bagugwa imbere y'itariki 15 z'ukwezi kw'umunani, 12% bakagugwa umunsi wa nyuma wo kwugara.