Kongo-Kinshasa yananiwe kuronka itike ya CHAN 2018

RDC yizera kuronkera intsinzi imbere y'abakunzi bayo i Kinshasa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption RDC yizera kuronkera intsinzi imbere y'abakunzi bayo i Kinshasa

Ikipe y'umupira w'amaguru ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo yananiwe kuronka itike yo kuja mw'ihiganwa CHAN ryo mu mwaka uza.

RDC, isanzwe ariyo ifise igikombe ca CHAN giheruka, yashoboye gusa kunganya na Kongo Brazzaville 1-1 i Kinshasa, mu gihe zari zanganije mu rukino rwa mbere 0-0.

Jean-Marc Makusu Mundele yinjije icambere ca RDC ku munota wa 36 ariko Jaures Ngombe wa Kongo Brazzaville aca aracishura nyuma y'iminota ibiri gusa.

Kongo Brazzaville yaciye ironka itike yo kubandanya kubera igitsindo yinjirije hanze.

Intsinzi yari yizewe

RDC yavyifashemwo neza cane mu mahiganwa ya CHAN y'abakinyi bakina iwabo ane aheruka, ikaba yaratwaye ibikombe bibiri inashika mu ca kane c'ihiganwa kabiri.

Vyari vyitezwe ko batsindira Kongo Brazzaville imbere y'abakunzi babo i Kinshasa bakaronka itike yo kuja muri CHAN 2018 muri Kenya, izoba mu kwezi kwa mbere n'ukwa kabiri.

Mu zindi nkino zatangaje ejo kuwa gatandatu, Zambia yakuyemwo Afrika y'epfo nayo Mauritania ikuramwo Mali.