Zamalek yatangaje Nebojsa Jovovic nk'umutoza wayo mushya

Nebojsa Jovovic yafashije ikipe Faisaly yo muri Jordan kugera ku mukino wa nyuma w'igikombe cy'ibihugu by'Abarabu mu ntangirio y'uku kwezi kwa munani Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nebojsa Jovovic yafashije ikipe Faisaly yo muri Jordan kugera ku mukino wa nyuma w'igikombe cy'ibihugu by'Abarabu mu ntangirio y'uku kwezi kwa munani

Ikipe ya Zamalek yo mu Misiri yatangaje Nebojsa Jovovic ukomoka muri Montenegro nk'umutoza wayo mushya uzayitoza mu gihe cy'imyaka ibiri.

Asimbuye Umunyaportugali Augusto Inacio wavuye muri iyi kipe mu kwezi kwa karindwi, nta mezi ane amaze ayitoza.

Jovovic yatangaje umuyobozi wa Zamalek, Mortada Mansour, igihe yafashaga ikipe Faisaly yo muri Jordan kugera ku mukino wa nyuma mu mikino y'igikombe cy'ibihugu by'Abarabu, mu ntangirio y'uku kwezi kwa munani.

Faisaly yatsinze Al Ahly yo mu Misiri inshuro ebyiri, mu rugendo rwayo rwayigejeje ku mwanya wa kabiri muri iyo mikino.

Mu mwaka ushize wa 2016, Zamalek yarangije ku mwanya wa kabiri mu gikombe cy'imikino ihuza amakipe yabaye aya mbere iwayo ku mugabane w'Afurika.

Muri uwo mwaka kandi, Zamalek yarangije imikino ya shampiyona yo mu Misiri iri ku mwanya wa gatatu, irushwa amanota 21 na Al Ahly yarangije iri ku mwanya wa mbere, ikongera kwisubiza igikombe cya shampiyona.

Kuva Mansour yatorerwa kuyobora Zamalek mu mwaka wa 2014, Zamalek imaze guhinduranya abatoza 15.