Cologne na Arsenal bakurikiranwa ku midurumbanyo y'abafana

Abapolisi bakoze umurongo bazibira abafana ba Cologne ku kibuga Emirates Stadium Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abapolisi bakoze umurongo bazibira abafana ba Cologne ku kibuga Emirates Stadium

Imigwi ya Cologne na Arsenal ikurikiranwa n'abarongoye ihiganwa Europa League ku midurumbanyo yakozwe n'abafana ku munsi wa kane.

Umugwi wo mu Budagi ukurikiranwa ku vyaha bine, ukudurumbanya abantu hamwe n'ukurungika mu kirere ibirekura umuriro, aba Gunners nabo bakagirizwa kuzibira inzira iduga mu ngazi.

Urwo rukino Arsenal yatsinzemwo 3-1, rwaratebejwe isaha irenga bitewe nuko abafana bavuye mu Budagi baje kuri Emirates Stadium badafise amatike.

Abafana ba Cologne bababa 20000 nibo baje mu gisagara ca Londres, uwo mugwi wo mu Budagi wahawe amatike 2900 gusa.

Urwo rubanza rugiye kwihwezwa n'akanama ka Uefa kajejwe mwen'ivyo bibazo, "Uefa Control, Ethics and Disciplinary Body", itariki 21 z'ukwezi kw'icenda.