Rooney aritaba sentare kubera kugendesha imodoka aborewe

Wayne Rooney Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

Vyitezwe ko Wayne Rooney yitaba ubutungane uyu musi inyuma yo kwitwarigwa kubera kugendesha imodoka yaborewe.

Uwo yahoze mu mugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza na Man United yafashwe igihe igipolisi cahagarika imodoka yiwe i Wilmslow, Cheshire mu kwezi kw'icenda itariki zitandatu.

Rooney w'imyaka 31 yarekuwe atanze ingwati inyuma yo guhagarikwa kubera kugendesha imodoka aborewe.

Wayne Rooney akurikiranwa ku kugendesha imodoka yanyoye

Wayne Rooney yasezeye ku gukinira Ubwongereza

Vyitezwe ko yitaba sentare ya Stockport umusi umwe inyuma yo gusubira ku kibuga ca Old Trafford ubwa mbere kuva yimukiye mu mugwi wa Everton.

Uwo mukinyi yamuka i Liverpool yasubiye mu mugwi wiwe yatanguriyemwo akiri umwana w'imyaka 13 avuye muri Manchester United.

Uwo mukinyi afise abana batatu ni we akiri imbere mubamaze kwinjiriza ibitego vyinshi umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza.