Kick It Out: Indirimbo ituka Lukaku n'iyo amacakubiri y'urukoba

Manchester United striker Romelu Lukaku Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Lukaku amaze gutsinda ibitego bitanu mu nkino zitanu za Man Utd mw'ihiganwa ry'uyu mwaka

Ishirahamwe ryiyamiriza amacakubiri afatiye ku rukoba, Kick It Out risaba Manchester United kubuza abakunzi b'uwo mugwi kuririmba indirimbo y'amacakubiri afatiye ku rukoba ivugwamwo Romelu Lukaku.

Iryo shirahamwe rivuga ko izo ndirimbo, zivuga uburebure bw'igitsina c'uwo mukinyi w'imbere wo mu Bubiligi, "zihonyanga agateka kandi zikaba zivangura".

"Imvugo ngereranyo ijanye n'ivangura ntawushobora kuyemera, itesha agaciro n'aho yoba ari iyo gushaka gushigikira umukinyi," ni ko Kick It Out ryavuze.

Manchester United igiye kuvugana na Kick It Out kuri iki kibazo.

Man Utd kandi irindiriye ko hafatwa ingingo yo kumenya nimba iyo ndirimbo ifatwa nk'iyo amacakubiri afatiye ku rukoba bishobora guhanwa n'amategeko, hanyuma hafatwe ingingo.

Man Utd yemeye kugura Romelu Lukaku ku miliyoni 75 z'amapawundi

Football: Abakinyi batanzweko amahera menshi bavyerekanye

Ku rubuga ngurukanabumenyi rw'uwo mugwi, uza wamaze gusaba abakunzi bayo kwirinda gusubira kuyiririmba.

"N'ibintu bitaduha agaciro kandi vy'igitutsi atakibanza bifise muri iki gihe tugezemwo," uko ni ko Scott Patterson, umwe mu bakunzi ba Man Utd yanditse muri Repuvlik of Mancunia.

Lukaki yagiye muri Manchester United aguzwe ubwa mbere imiliyoni 75 z'amapawundi mu ci, ariko umwumvikano bagiraniye na Everton ugashobora gutuma ayo mahera ashika ku miliyoni 90 z'amapawundi.