Rio Ferdinand mu nkino zo gukubitana ingumu inyuma yo gusezera mu mupira w'amaguru

Rio Ferdinand Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Rio Ferdinand

Rio Ferdiand aratangura kwerekana iyindi mpano nshasha afise nk'umukinyi wo gukubitana ingumu inyuma yo gusezera mu mupira w'amaguru haraciye imyaka ibiri.

Ingingo ya Rio w'imyaka 38 yo kuja mu nkino zo gukubitana ingumu ishigikiwe n'ikompanyi y'akamari ya Betfair yatangaje iyo nkuru uyu musi ku wa kabiri.

Uwo mukinyi w'inyuma w'umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza na Man Utd arafise kandi ikompanyi yiwe ikora impuzu.

Rio Ferdinand ntiyajanye n'abandi i Barsaspor

"Nkora ibi kuko nshaka kugerageza ibindi," ni ko Rio yavuze. " Ndamaze gutsinda mu nkino zimwe zimwe, ubu nshaka gutsindira umukaba."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Rio Ferdinand

Aramaze gushira amavideo mesnhi ku mbuga ngurukanabumenyi muri aya mezi ya vuba, amwerekana ariko arakubita ingumu ariko aramenyerezwa.

Uwahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Kriketi mu Bwongereza Andrew Flintoff, na we nyene yaragiye mu vyo gukubitana ingumu inyuma yo gusezera muri urwo rukino, akaba yararonse intsinzi mu 2012 atsinze umunyamerika Richard Dawson.

Fabio Capello araburira abakinnyi b'ibigugu

Ikompanyi ya Betfair ni yo yasavye Ferdinand kuja muri uwo mukino, ikaba izomufasha mu kuronka uruhusha rw'ishirahamwe ryo gukubitana ingumu mu Bwongereza imbere y'uko atangura kwimenyereza no guhiganwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Rio Ferdinand Instagram
Image caption Ferdinand na Anthony Joshua