Rooney yategetswe kutagendesha imodoka imyaka ibiri

Rooney ashitse muri sentare ya Stockport
Image caption Rooney ashitse muri sentare ya Stockport

Uwahoze akinira umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Wayne Rooney yaciriwe urubanza rwo kudahirahira ngo agendeshe imodoka mu kiringo c'imyaka ibiri no gukora akazi mu mibano amasaha 100.

Rooney w'imyaka 31 yafatiwe mu karere ka Wilmslow, i Cheshire ariko aragendesha imodoka yaborewe itariki imwe z'ukwezi kw'icenda.

Image caption Rooney avuga ko urwo rubanza rwononye isura yari afise mu mupira w'amaguru

Wayne Rooney azoriha amande 170 y'amapawundi kubera ico caha yakoze.

"Ndemera icaha nakoze kandi ndasaba n'imbabazi umuryango wanje, umugwi wa Everton, umumenyereza hamwe n'abakunzi bumugwi. Ndasaba imbabazi kuvyabaye." ni ko Rooney, ubu afise abana batatu yavuze.

Image caption Umucamanza yabwiye Rooney ko yageramiye ubuzima bwiwe n'ubwo abandi bakoresha ibarabara

Uwo mukinyi yavukiye mu gisagara ca Liverpool yasubiye mu mugwi wa Everton yatanguye gukinamwo ari umwana avuye muri Manchester United inyuma y'imyaka 13 ayivuyemwo.