Messi yatsindiye Barcelone ibitego bine mw'ihiganwa ryo muri Espagne

Lionel Messi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Lionel Messi yatsinze ibitego bine bituma umugwi wa Barcelone uguma ari wo mugwi utaratsindwa na rimwe muri uyu mwaka, igihe bariko barahura na Eibar.

Messi yatsinze penalite ku gitsindo ca mbere, imbere y'uko Paulino ashiramwo ikigira kabiri akoresheje umutwe.

Denis Suarez na we yinjije, ariko Sergi Enrich wa Eibar yaciye agombora bica biba ibitego 3-1.

Messi yaciye atsinda ibitego bibiri mu munota umwe gusa imbere y'uko bahanahana umupira na Aleix Vidal aca atsinda igitego ciwe kigira kanemu minota ya nyuma y'urwo rukino.

Messi na Ronaldo ni bo bahembwa amahera menshi kw'isi

Iyo ntsinzi yatumye Barcelone iguma mu kibanza ca mbere n'amanota 15, amanota atanu imbere ya Seville iri mu kibanza ca kabiri, ariko Barcelone irarusha urukino rumwe Seville.

Messi yerekanye kandi ko ari umukinyi akomeye ageze imbere y'igoli.

Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Messi amaze kwinjiza ibitego 12 mw'ihiganwa ry'uyu mwaka

Uwo mukinyi wo muri Argentine amaze kwinjiza ibitego icenda mu nkino zine zo muri La Liga.

Igitego ca kane co ku wa kabiri cashikanye ibitego 301 amaze gutsindira ku kibuga ca Nou Camp mu myaka 13.

Messi yahagarikiwe inkino zine ku "gutukana"

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Zaza yakinye inkino zine ari muri West Ham aho yari yatijwe avuye muri Juventus mu mwaka uheze, ariko nta gitego na kimwe yinjije.

Umukinyi w'imbere yahoze muri West Ham Simone Zaza na we yaratsinze ibitego bitatu mu minota icenda bituma umugwi wa Valence utsinda Malaga ibitego 5-0.