Misiri mu gikombe c'isi nyuma y'i myaka 28

Intsinzi y'ikipe ya Misiri yatumye igihugu cose cigina ijoro ryose Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Intsinzi y'ikipe ya Misiri yatumye igihugu cose cigina ijoro ryose

Misiri yinjije igitsindo ca penaliti ku munota wa 95 itsinda Congo 2-1 i Alexandria ica ironka itike yo kuja mu gikombe c'isi, yaherukamwo haciye ikiringo kirenga ica kane c'ikinjana.

Muhamed Salah niwe yarokoye Misiri, atsinda ibitsindo vyayo bibiri vyose mu ntsinzi yabahaye itike yo kuja mu nkino z'igikombe c'isi ubwa gatatu muri kahise kabo, bukaba kandi ari ubwa mbere kuva mu 1990.

Imitima yari mu mitwe kuva aho Arnold Bouka-Moutou aciriye mu ryahumye abinyuma ba Misiri, akinjiza igitsinso ca Congo co ku nganya ku munota wa 88.

Ariko amahirwe mabi y'igikombe c'isi ya Misiri, yaherahejwe na Salah aho yihagararako agashobora kwinjiza igitsindo urukino rugiye guhera.

Ico gitsindo kidasanzwe catumye ibihumbi vy'abantu bashwara amabarabara bigina, co kimwe n'abari ku kibuga, abakinyi n'abakunzi b'ikipe bose batambira hamwe bigina bamwe bibanka munda bararira.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Rutaha izamu wa Liverpool, Mohamed Salahm, niwe yinjije ibitsindo bibiri vya Misiri

Ibitsindo vya Mohamed Salah nivyo vyakoze akazi

Rurangiranwa wa Liverpool yinjije icambere haciye hafi isaha imwe mw'ijoro ritari ryoroshe i Alexandria, ku mupira yahawe na Mohamed El Nenny, yinjiza ari hafi y'igoli.

Ariko mu gihe stade yari yuzuye umunezero, hasigaye iminota gusa ngo urukino ruhere haciye haba agacerere igihe Bouka-Moutou yinjiza neza cane ananije umunyegoli wa Misiri, Essam El Hadary.

Icizere caragarutse igihe abahagarikizi berekana ko hasigaye iminota itanu ngo urukino ruhere, mu mpera y'iyo minota Misiri ica ihabwa penaliti.

Salah yayinjije neza cane umunyegoli wa Congo asimbiye ahahushanye n'aho umupira wagiye, haca hatangura ijoro ryo kwigina mu Misiri hose, biheraheza icuka kibi co kutavyifatamwo neza mu gikombe c'isi, mu gihe Misiri imaze gutwara igikombe ca Afrika inshuro indwi.

Ikipe ya Misiri yaheruka mu gikombe c'isi mu 1990, aho cabere mu gihugu c'Ubutaliyano.