Igipolisi ca Kenya cagirizwa urupfu rw'abantu hafi 70 mu gihugu

Abo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi bavuga ko amatora yo mu kwezi kw'umunani yaranzwemwo ubusuma Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi bavuga ko amatora yo mu kwezi kw'umunani yaranzwemwo ubusuma

Ibigo bibiri biharanira agateka ka kiremwa muntu vyavuze ko igipolisi ca Kenya cishe abantu barenga 30 mu gisagara ca Nairobi bari mu myiyerekano ku bijanye n'amatora atumvikanyweko yo mukwezi kw'umunani, niko ivyo bigo bivuga.

Mu cegeranyo gishasha ca Amnistie Interanationale na Human Rights Watch (HRW) bivugwa ko igipolisi cegwa n'ubwo bwicanyi, mu gihe hari n'ayandi makuru avuga ko cishe abandi bantu 17 i Nairobi hamwe n'abashika 30 mu bisagara vyo mu gihugu hagati.

Ivyo bigo vyagiriza igipolisi gutera uruhagarara mu gukoresha inguvu nyinshi mu turere kizi ko hashobora kwaduka ubwicanyi.

Ivyo bigo bigwanira agateka ka zina muntu bivuga ko inguvu zirenze urugero arico gisigaye kiranga igipolisi ca Kenya, igihe kiri mu bikogwa vy'umutekano mu gihugu ca Kenya.

Mu ndwi iheze, kizigenza w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, Raila Odinga, yarikuye mu matora y'umukuru w'igihugu yategekanywa mu mpera z'ino ndwi.

Yasiguye ko atibaza ko hoba amatora y'ukuri mu gihe hatagizwe ibihindugwa ku bijanye n'ingene atunganywa.