Sharapova yatsinze ihiganwa Tianjin Open

Sharapova yaramaze amezi 15 adakina ari mu gihano kubera ibiyovyabwenge Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sharapova yaramaze amezi 15 adakina ari mu gihano kubera ibiyovyabwenge

Umukinyi wa Tennis yigeze kuja mu kibanza ca mbere kw'isi Maria Sharapova yatwaye igikombe kuva mu kwezi kwa gatanu 2015 inyuma y'urukino rwa nyuma (finale) yatsinzemwo Aryna Sabalenka 7-5 7-6 (10-8) mw'ihiganwa Tianjin Open.

Uwo mu Rusiyakazi w'imyaka 30 yari mu rukino rugira indwikuva aho agarukiye mu kwezi kwa kane inyuma y'amezi 15 yaramaze yarahagaritswe kubera ibiyovyabwenge.

Yagumye ari imbere kuri 4-1 imbere yuko yikura inyuma y'amasaha abiri n'iminota itanu umunya Bielorussie w'imyaka 19 yariko arakina ubwa mbere "finale" ya WTA.

Intsinzi y'urukino rwa 36 rwa WTA ibaye iya gatanu atsinze.