Wigan Athletic mu nzira yo kugurishwa

Igihe kitibagigwa Wigan iri mu minwe ya Whelan ni mu 2013, igihe itwaye igikombe ca FA Cup ku kibuga ca Wembley ihura na Manchester City Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igihe kitibagigwa Wigan iri mu minwe ya Whelan ni mu 2013, igihe itwaye igikombe ca FA Cup ku kibuga ca Wembley ihura na Manchester City

Umugwi w'umupira w'amaguru wo mu Bwongereza Wigan Athletic ushobora kuja mu maboko y'abandi mu mpera z'uno mwaka igihe abagwizatunga b'i Hong Kong bazoba bemeye gutanga imiliyoni 20 z'amapawundi.

Amasezerano yo kugurisha uwo mugwi ategerezwa kubanza kwemezwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru Football League.

Nyen'uwo mugwi Dave Whelan yawufashe mu 1995, ariko uwo mugabo w'imyaka 80 akaba aheruka kuzana uwigeze kuba umuyobozi nshingwabikogwa wa Manchester City mu ntango z'uno mwaka ngo arondera uwuwugura.

Hari icizere ko amasezerano yo kuwugurisha ashobora kuba yarangiye imbere y'ukwezi kwa mbere, igihe hazoba hageze umwanya wo guhererekana abakinyi.

Igihe aguriye uwo mugwi wari mu mahiganwa yo mu gice ca gatatu, Whelan yavuga ko agiye kuwuduza ngo ushike muri Premier League - abishikako mu myaka cumi.

Ico gihe barimutse bava ku kibuga Springfield Park baja ku kibuga gishasha, basangiye n'umugwi Wigan Warriors wa "rugby".

Bagumye mw'ihiganwa Premier League imyaka umunani, munyuma batsinda ihiganwa FA Cup mu 2013.

Ariko inyuma y'intsinzi yo ku kibuga ca Wembley, Wigan yaciye isubizwa mu mahiganwa yo hasi, ubu ikaba imaze igihe ikurakuranwa guhiganwa muri Championship na League One.

Whelan yavuye ku buyobozi mu kwezi kwa gatatu 2015, asubirigwa n'umwuzukuru David Sharpe.