Umumenyereza wa Leicester yirukanywe

Craig Shakespeare yatsinze inkino 8 kuri 21 mw'ihiganwa rya Premier League amenyereza Leicester Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Craig Shakespeare yatsinze inkino 8 kuri 21 mw'ihiganwa rya Premier League amenyereza Leicester

Umugwi Leicester wo mu Bwongereza wirukanye umumenyereza wawo Craig Shakespeare yaramaze amezi ane gusa murako kazi.

Uwo mugabo w'imyaka 53 yamenyereza uwo mugwi kuva igihe uwahora awukurikirana Claudio Ranieri yawushikanye ku ntsinzi y'igikombe ca Premier League, akuriwe mu mabanga n'abawugaba.

Shakespeare ahowe kuba yatanguye nabi mw'ihiganwa ry'uno mwaka.

Ku mwanya yaramaze amenyereza Leicester, yaramaze gustinda incuro umunani ku nkino 21.