Lionel Messi wa Barcelone yakwije ibitsindo 100

Messi yinjije igitsindo ci 100, igihe Barcelone itsinze Olympiakos Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Messi yinjije igitsindo ci 100, igihe Barcelone itsinze Olympiakos

Umukinyi rurangiranwa wa Barcelone Lionel Messi yujuje ibitsindo 100 mu rukino rwa Champions League rwabahuje na Olympiakos batinzemwo 3-1.

Uwo mukinyi w'imyaka 30 aturuka mu gihugu ca Argentine, yinjije igitsindo c'ishuti inyuma yaho umukinyi w'uwo mugwi Dimitris Nikolaou yaramaze umwanya yitsinze.

Munyuma Messi yahaye ipasi Lucas Digne yaciye yinjiza igitsindo ca gatatu imbere y'igitsindo c'umutwe ca Nikolaou ari naco Olympiakos yatahiye.