"Kugwanira hamwe" vyatumye Arsenal itsinda Crvena Zvezda

Olivier Giroud amaze gufasha canke kwinjiza mu bitsindo umunani vya Arsenal muri Europa League Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Olivier Giroud amaze gufasha canke kwinjiza mu bitsindo umunani vya Arsenal muri Europa League

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yavuze ko umugwi wiwe werekanye ico umaze inyuma y'intsinzi ya 1-0 ku mugwi Crvena Zvezda wo muri Serbie mw'ihiganwa Europa League.

Igitsindo c'umutwe ca Olivier Giroud catumye uwo mugwi ugira intsinzi zitatu ku mikino itatu mu mugwi H.

Arsenal iri mu kibanza ca mbere n'amanota 5 imbere ku mugwi BATE Borisov.

"Nibaza ko icibonekeje ari inyifato twerekanye, twongera tugwanira hamwe," niko Wenger yavuze.

"Ntitwigeze ducika inkokora, twaguma turondera kwinjiza."