Umugwi wa Volley w'u Rwanda mu gice ca kane

Umugwi w'u Rwanda (ubururu n'umuhondo) watsinze Botswana 3-0 Uwufise ububasha kw’isanamu Federation Rwandaise de Volley Ball
Image caption Umugwi w'u Rwanda (ubururu n'umuhondo) watsinze Botswana 3-0

Umugwi w'igihugu c'u Rwanda muri Volley ugiye gukina igice c'ica kane (1/4) inyuma yo gutsinda ikipe ya Botswana 3-0 mw'ihiganwa rya Afrika ribera mu Misiri.

U Rwanda rwatsinze Botswana 25-19; 25-18 na 25-17 mu rukino rwamaze isaha n'iminota 47 ku munsi wa mbere.

Ibaye intsinzi ya kabiri y'umumenyereza Paul Bitok inyuma yaho u Rwanda rutsindiye Tchad 3-0 ku munsi wa Mungu.

Iyo ntsinzi itumye iyo kipe ihita yinjira muri 1/4 ikaba ishobora kuba iya mbere mu mugwi D igihe yoba itsinze Algeria kur'uno wa kabiri.

Ikipe ya Algeria nayo nyene yinjiye mu gice c'ica kane inyuma yo gutsinda Botswana 3-0 na Tchad 3-0.