Abarenga 200 barahatanira gutoza Uganda

Moses Basena Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umutoza w'agateganyo wa Uganda, Moses Basena (imbere), arashaka kwegukana uwo mwanya.

Umutoza w'agateganyo wa Uganda, Moses Basena, yiyongereye ku mutoza wa Togo, Claude LeRoy, mu kuzuza impapuro zisaba akazi ko gutoza ikipe y'umupira w'amaguru ya Uganda.

Aba uko ari babiri bari mu bandi bantu barenga 200 nabo bifuza uwo mwanya nkuko bitangazwa n'ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Uganda.

Bwana Basena yabwiye BBC ko yari amaze igihe kinini yungirije umutoza wa Uganda kandi ko yanagize uruhare mu gufasha iyo kipe kubona itike yo gukina imikino ya nyuma y'igikombe cya Afurika cy'ibihugu cya 2017.

Uzegukana uwo mwanya w'umutoza azatangazwa ku itariki ya 15 z'ukwezi kwa cumi na rimwe.

Basena yabaye umutoza w'agateganyo wa Uganda nyuma yaho Milutin 'Micho' Sredojevic ukomoka muri Serbia asezereye kuri uwo mwanya.

Umufaransa Claude LeRoy, wagejeje ikipe ya Cameroon ku gikombe cya Afurika cy'ibihugu cya 1988, arashaka gutoza ikipe ya karindwi ku mugabane wa Afurika nyuma ya Senegal, Ghana, Congo, DR Congo na vuba ahangaha ikipe ya Togo.