Tottenham izaja mu gice ca 16 gishira ica nyuma, mu gutsinda Real Madrid ibitego 3-1 mu nkino za UEFA

Dele Alli yatsindiye ibitego bibiri Tottenham mu rukino rwabahuza na Real Madrid
Image caption Dele Alli yatsindiye ibitego bibiri Tottenham mu rukino rwabahuza na Real Madrid

Dele Alli ni yatsindiye ibitego bibiri Tottenham mu rukino rwabahuza na Real Madrid ifise igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo, bakaba baronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca 16 gishira ica nyuma.

Ni ubwa mbere umugwi wa Real Madrid utsindirwa mu matsinda kuva mu 2012.

Christian Eriksen ni we yatsinze igitego ca gatatu, bituma umugwi wa Real Madrid uzotegerezwa gutsinda inkino zose zisigaye kugira ushobore kubandanya ihiganwa.

Igitego ca Real Madrid cinjijwe na Christiano Ronaldo vyagaragaye ko atavyifashemwo neza muro urwo rukino.

Tottenham ubu ifise amanota 10 mu gihe Real Madrid ifise amanota 7 gusa.