Nadal azorangiza umwaka wa 2017 ari mu kibanza ca mbere muri Tenis

Rafael Nadal yaratsindiye ibikombe vya French Open na US Open mu mwaka wa 2017
Insiguro y'isanamu,

Rafael Nadal yaratsindiye ibikombe vya French Open na US Open mu mwaka wa 2017

Rafael Nadal azorangiza umwaka wa 2017 ari umukinyi wa mbere mwiza muri tenis inyuma yo gutsinda Hyeon Chung mu nkino zo gusubiza muri Paris Masters.

Umukinyi wo muri Espagne Nadal, yatanguye umwaka ari mu kibanza c'icenda mu bakinyi beza, atangura kuduga abanje gutsinda French na US Open, yatsinze amatse amaseti 7-5 6-3 mw'isaha imwe n'iminota 48.

"Vyarangoye cane kubera gukomereka, sinakina umwanya muremure none raba ubu ndi ngaha," ni ko yavuze.

Nadal w'imyaka 31 azokina na Pablo Cuevas wo muri Uruguay mu gice ca 16 gishira ica nyuma.