Mourinho yamenyesheje ko yishuye ivyo yasabwa na Espagne

Jose Mourinho yitavye sentare hasigaye iminsi ibiri y'urukino rukurikira Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jose Mourinho yitavye sentare hasigaye iminsi ibiri y'urukino rukurikira

Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho, yavuze ko yaheraheje ivyo yaregwa bijanye n'ukunyuruza amahera y'ikori y'igihugu ca Espagne.

Yaserutse amaze umwanya muto yumvirizwa na sentare y'i Madrid, umugwa mukuru wa Espagne, avuga ko yarishe amahera ajanye n'ivyo aregwa.

Bivugwa ko yaraheranye imiliyoni zine z'amadolari ku mahera yagiye araronka ariko ntiyayamenyesha ajanye n'ivy'amasanamu, kuva mu mwaka wi 2011 gushika mu 2012.

Ivyo birego vyaje inyuma y'amatohoza ku bakinyi bakomeye b'umupira w'amaguru muri Espagne (abanya Argentine batatu -- Lionel Messi, Javier Mascherano na Angel Di Maria -- bahanywe ku kutariha ikori, mu gihe urubanza rukurikirana Cristiano Ronaldo wa Real Madrid ku birego nka mwenivyo rubandanya, ariko akaba yavuze ko ata kibi yakoze.)