Man Utd: Icizere c'ikibanza ca mbere kiguma kigabanuka

Alvaro Morata ni umukinyi azwi cane mu gutsindisha umutwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Alvaro Morata ni umukinyi azwi cane mu gutsindisha umutwe

Icizere co gushika mu kibanza ca mbere kiguma kigabanuka ku mugwi Manchester United inyuma yaho utsindiwe ku munsi wa Mungu na Chelsea, warumaze izindi nkino zibiri zikurikiranya udatsinze.

Igitsindo Alvaro Morata yinjije, ca mbere kuva mu kwezi kw'icenda, nico catumye umugwi wa Chelsea usigara urushwa inota rimwe gusa n'umugwi Manchester United umenyerezwa na Jose Mourinho.

Morata yaciye mu ryahumye abakinyi b'inyuma ba United, yinjiza umunyezamu David de Gea, kw'ipasi ahawe na Cesar Azpilicueta ku munota wa 55.

Ni urundi rukino rwo hanze Jose Mourinho ananiwemwo gutahana intsinzi inyuma y'ukunganya na Liverpool hamwe n'ugutsindwa na Huddersfield, ivyo bikaba vyatumye icizere co kuja mu kibanza ca mbere kiguma kigabanuka na burya umugwi wa mbere Manchester City watsinze Arsenal 3-1, ugiye imbere amanota 8.

Bubaye ubwa gatatu umugwi wa Mourinho utsindwa kuva aherewe kumenyereza Manchester United.

Intsinzi ya Chelsea ishobora kugabanya induru imaze iminsi inyuma y'umumenyereza Antonio Conte, itegwa n'abamwidogera ku kungene umugwi wifashe mw'ihiganwa ry'uno mwaka.