Chelsea: Umuyobozi mu buhinga yatanze imihoho

Michael Emenalo yakoranye n'abamenyereza 11 mu mwanya yamaze muri Chelsea Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Michael Emenalo yakoranye n'abamenyereza 11 mu mwanya yamaze muri Chelsea

Umuyobozi wa Chelsea mu vy'ubuhinga, Michael Emenalo, yatanze imihoho inyuma y'imyaka 10 akorera uwo mugwi.

Uwo mugabo w'imyaka 52 yakiniye Nigeria mu gikombe c'isi yose mu 1994, yinjiye muri Chelsea mu 2007 igihe ca Avram Grant.

Yakoze mu gisata c'abana hamwe n'ic'ubumenyereza imbere yuko ashingwa amabanga yo kuba umuyobozi wa Chelsea mu vy'ubuhinga mu 2011.

Emenalo, yakiniye Notts mu 1990, bivugwa ko hari akazi yoba agira ahabwe muri Monaco.

Igihe yari Stamford Bridge, Chelsea yatsinze ihiganwa Champions League mu 2012, ihiganwa Premier League incuro zitatu, ihiganwa FA Cup gatatu, ihiganwa League Cup na Europa League.

Emenalo yavuze: "Ni ingingo yangoye gufata, ariko ndemera ko ikwiye kuri jewe, ku muryango no ku mugwi.

"Nararonse akaryo ko gukorana n'abantu benshi bafise impano bo kuri ino si y'inkino mu myaka 10, ngiye nezerejwe n'ivyo twashoboye gushikako."

Umumenyereza wa Chelsea Antonio Conte yagize ati: "Ndababajwe no kubona Michael avuye muri Chelsea, nipfuza kumushimira ku vyo yamfashije kuva nshitse mur'uno mugwi."