Amatora y'umukuru w'igihugu muri Somaliland

Umupfasoni ari gutora
Image caption Umupfasoni ari gutora

Abanyagihugu bo mu ntara ya Somaliland yihinduye iba repubulika, uno munsi biriwe mu matora y'umukuru w'igihugu.

Ayo matora akoreshwamwo ubuhinga bw'imbone mu gutora - ngo ni ubwa mbere kw'isi nkuko umuvugizi w'akanama kajejwe amatora yavuze.

Abantu barenga 700000 nibo bahamagarigwa kuja gutora mu bakandida batatu.

Image caption Uwuhejeje gutora bamusiga irangi ku rutoke

Niburiburi abarorerezi 60 nibo bari mu gihugu, ngo bakurikirane amatora.

Umwe mu bayakurikirana, Susan Mwape aturuka muri Zambia, yabwiye BBC ko bazokurikirana amatora ku mpande zose z'amatora harimwo n'ukwihweza kw'abakozi b'akanama kajejwe amatora gafise ubuhinga bukwiye.

Rashid Abdi, wo mu kigo "International Crisis Group", yabwiye igisata ca BBC, Newsday, ko mu gihe Somaliland yotunganya ayandi matora yemewe na bose, ko bizofasha ku mugambi wayo wo kwikukira.

Yashigikiye ubutegetsi ku ngingo bwafashe yo kwugara ihererekana ry'amakuru ku mbuga hwaniro, kugira ngo birinde aborungika amakuru y'ibinyoma no kuyovya abantu igihe c'amatora.

Somaliland yavuze ko yikukiye, inyuma yaho umukuru w'igihugu yatwaza agahotoro, Siad Barre, akuriwe ku butegetsi mu 1991.