Liverpool yatsinze Brighton 5-1

Emre Can atsindisha umutwe igitego cya mbere cya Liverpool. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Liverpool imaze gutsinda ibitego 15 mu mikino ine ishize itakiniye iwayo.

Muri shampiyona yo mu Bwongereza mu mupira w'amaguru ikipe ya Liverpool yanyagiye Brighton ibitego bitanu kuri kimwe.

Iyi kipe ikomeje gutsindira ibitego ku bibuga by'andi makipe.

Ibi byatumye rero igaruka mu makipe ane ya mbere ku rutonde ku nshuro ya mbere guhera mu kwezi kwa munani.

Liverpool imaze gutsinda ibitego 15 mu mikino ine ishize itakiniye iwayo.

Mu mukino w'uyu munsi ibitego bya Liverpool byatsinzwe na Can ku munota wa 30, Firmino ku minota ya 31 na 48, Coutinho ku munota wa 87 na Dunk witsinze igitego ku munota wa 89.

Igitego cya Brighton cyo cyatsinzwe na Murray ku munota wa 51 kuri penaliti.

Mu yindi mikino yo kuri uyu wa gatandatu:

Chelsea yatsinze Newcastle 3-1

Everton itsinda Huddersfield 2-0

Leicester itsinda Burnley 1-0

Stoke itsinda Swansea 2-1

Tottenham inganya na Watford 1-1

West Brom inganya na Crystal Palace 0-0

Mu wundi mukino uteganijwe kuri uyu wa gatandatu Arsenal irakina na Manchester United.