Wilfried Bony yafashije Swansea City kwikura mu murongo utukura

Umunezero wari wose Wilfried Bony ahaye Swansea intsinzi ya mbere kuva mu kwezi kw'icumi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umunezero wari wose Wilfried Bony ahaye Swansea intsinzi ya mbere kuva mu kwezi kw'icumi

Kapitene wa Swansea City yo mu Bwongereza, umunye Cote d'Ivoire Wilfried Bony, yafashije iyo kipe kwikura muri zitatu zanyuma ku gitsindo yinjije mu mpera z'urukino.

Igitsindo yinjije habaye uguhatana gukomeye cahaye Swansea intsinzi ngirakamaro cane kuri West Brom, vyorohereza umumenyereza Paul Clement.

Iyi kipe isanzwe itifashe neza vyasa nk'uko yabuze ico ikora mu gice ca mbere mu gihe ata kigaragara cabayemwo gushika Jake Livermore wa West Brom ahatswe kwiyinjiza.

Swansea yagerageje kuvyura urukino mu gice ca kabiri, rutahizamu Bony aha ingoga ikipe yiwe mu gutera ishoti rihakwa kwinjira.

Basa n'abihebuye

Kurondera intsinzi kwa Swansea kwasa n'ukwahebwe, ariko hasigaye iminota icenda ngo urukino ruhere, umupira waruvuye kuri kona waguye imbere ya Bony.

Yaciye aterana inguvu mu kivunga c'abakinyi bari imbere y'igoli, aha iyo kipe intsinzi ya mbere kuva mu kwezi kwa cumi.

Iyi ntsinzi yatumye Swansea ija hejuru y'umurongo utukura mu gihe ikipe zitatu ziwuri munsi arizo zimanuka mu ciciro ca kabiri iyo ihiganwa riheze.