Man City yatsinze Man United 2-1

City ntiratsindwa mu rukino na rumwe mw'ihiganwa ry'uyu mwaka
Image caption City ntiratsindwa mu rukino na rumwe mw'ihiganwa ry'uyu mwaka

Manchester City ibandanya kuba imbere mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza inyuma yo gutsinda umukeba wayo bava mu gisagara kimwe, Manchester United ibitego 2-1.

Muri urwo rukino, Man City ni yo yatembereje umupira umwanya muremure, ironka igitego ca mbere cinjijwe na David Silva ku munta wa 43 imbere y'uko Marcus Rashford akigombora ku munota wa 45, hanyuma Nicolas Otamendi atsinda igitego kigira kabiri ca Man City ku munota wa 54.

Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho yavuze ko bigaragara ijana kw'ijana ko uyu mwaka City ari yo izotahukana igikombe mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

"Bakinye neza, benshi bari bavyiteze, biragoye kubatsinda udafise umugwi ukomeye kubasumba, twabuze Pogba yari gushobora kubagora, nibaza ko bashobora kuba aba mbere muri uyu mwaka," ni ko Mourinhp yavuze.

Image caption Habuze gato ngo Lukaku agombore mu minota ya nyuma iyo hataba umunyegori wa City Ederson.

Umumenyereza wa Man City, Pep Guardiola yakeje umugwi wiwe kuba bakinye nka Barcelone yongerako ko, uko yababwiye gukina, ariko babigize.

Man City imaze gutakaza amanota abiri gusa mu nkino 16, ni iya mbere n'amanota 46, mu gihe Man United iza mu kibanza ca kabiri n'amanota 35.