Chelsea izohura na Barcelone mu migwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya

Real Madrid lift the Champions League trophy Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Real Madrid yatsinze Juventus ibitego 4-1 mu rukino rwa nyuma mu mwaka uheze

Umugwi wa Chelsea uzohura na Barcelone mu gice ca 16 gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo, Tottenham bazohura na Juventus yo mu Butaliano inyuma ya tombora ihejeje kubera mu Buswise.

Umugwi uri kw'isonga mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, Manchester City bazohura na FC Basel yo mu Buswise, Manchester United na yo ihure na Seville hanyuma Liverpool bahure na FC Porto yo muri Portugal.

Abatwaye igikombe co mu mwaka uheze, Real Madrid bazotana mu mitwe na Paris St-Germain.

N'ubwa mbere imigwi itanu yo mu Bwongereza ironka uburenganzira bwo mu gice ca 16 gishira ica nyuma.

Chelsea ni yo yonyene yabandanije iri mu kibanza ca kabiri mu mugwii yarimwo.

Inkino za mbere zizoba itariki 13/14 hamwe n'itariki 20/21 mu kwezi kwa kabiri hanyuma inkino zo gusubiza zibe itariki 6/7 na 13/14 mu kwezi kwa gatatu.

Urukino rwa nyuma ruzobera i Kiev itariki 26 mu kwezi kwa gatanu.

Uko imigwi izohura mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo

Juventus v Tottenham

FC Basel v Manchester City

Porto v Liverpool

Sevilla v Manchester United

Real Madrid v PSG

Shakhtar Donetsk v Roma

Chelsea v Barcelona

Bayern Munich v Beskitas