CECAFA: Kenya yakuyemwo Uburundi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma

Paul Put Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umumenyereza wa Kenya Paul Put ashikanye uwo mugwi mu rukino rwa nyuma inyuma y'ukwezi kumwe gusa ashikirijwe ayo mabanga.

Igihugu ca Kenya caronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma mw'ihiganwa rya CECAFA inyuma yo gutsinda Uburundi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu mwanya w'inyongera 1-0.

Urwo rukino rwabereye mu gisagara ca Kisumu kiri mu burengero bwa kenya ku musi wa kane.

Inyuma y'iminota 90 ata gitego kibonetse ku mpande zose, umukinyi wo hagati wa Kenya Whyvonne Isuza ni we yinjirije uwo mugwi mu gice ca mbere c'umwanya w'inyongera.

Uwufise ububasha kw’isanamu FFB
Image caption Abakinyi b'intamba mu rugamba baserukiye Uburundi mu nkino za CECAFA

Mu rukino rwa nyuma Kenya izokina n'abazoba batsinze hagati ya Uganda na Zanzibar ku musi w'Imana.