Eric Bailly wa Mancester United azosubira mu kibuga mu mezi 3

Eric Bailly (yambaye iyitukura) aha yariko ahatana na Marcelo (yambaye iyera) wa Real Madrid, azomara amezi atatu adakinye Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Eric Bailly (yambaye iyitukura) aha yariko ahatana na Marcelo (yambaye iyera) wa Real Madrid, azomara amezi atatu adakinye

Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mouringo, avuga ko myugariro wiwe, Eric Bailly, ashobora kumara amezi atatu adakinye kandi akabagwa ijisho ry'ikirenge.

Uwo mukinyi w'imyaka 23 ntarasubira gukina kuva ku rukino Chelsea yabatsinze 1-0 itariki 5 z'ukwa cumi na rimwe.

Bailly yakomeretse ari mu rukino mpuzamakungu akinira igihugu ciwe Cote d'Ivoire.

Mourinho yagize ati: "Eric azobagwa. Ihiganwa ntirizohera adakinye ariko bizomutwara amezi abiri canke atatu."

Mourinho yakinishije Chris Smalling na Phil Jones mu rukino batsinze Bournemouth kuwa gatatu, kandi nyuma y'iyo ntsinzi, uwo mumenyereza wo muri Portugal yavuze ko ashima umukenyuro yakoresheje.