Sir Mo Farah, umunonotsi aheta abandi muri 2017

Mo Farah Uwufise ububasha kw’isanamu Steven Paston
Image caption Bwana Mo, amaze gutwara imidari y' inzahabu incuro zine kuri m5000 na m10 000

Sir Mo Farah, Umwongereza afise amamuko yo muri Somalia, yiruka metero 10 000 na 5000, yatsindiye umudari w'umunonotsi wa mbere y'uyu mwaka.

Umunonotsi Sir Mo Farah, yatangajwe no kubona ashobora kwegukana umudari w'umunonotsi wa mbere akomeye hano mu Bwongereza.

Bwana Mo yarushije Jonathan Rea karuhariwe mu kunyonga ipikipiki, na Jonnie Peacok ahiganwa mu bafise ubumuga, ndetse n'umuteramakofe Anthony Joshua.

Amaze gushikira ako gashimwe ka BBC, Sir Mo Farah, yavuze ko vyamutangaje cane, ashimira abanyagihugu bamushimye bakamutora.

Ngo ntiyari yizigiye ko azoheba agafata ako gashimye mu ntoki umunsi uri izina, inyuma yo kugahusha mbere.

Mo yari amaze gutoranywa mu bahiganirwa ako gashimwe imvuro zitanu, ariko mu 2011 niho yashitse ku mwanya wa gatatu.

Uwo munonotsi w'imyaka 34 yiruka m5000 na m10.000, yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram ifoto afise muntoke ako gashimwe, ashika n'majambo yo gushimira abamutoye.