Uko isoko ry'abakinyi ryifashe ku musi wa gatatu 20.12.2017

David Luiz Uwufise ububasha kw’isanamu Empics
Image caption David Luiz

Arsenal bafise umugambi wo kugiranira amasezerano n'umukinyi w'inyuma wa Chelsea David Luiz w'imyaka 30. (Daily Express)

Uwo mugwi ushobora gutanga imiliyoni 25 z'amapawundi kuri uwo munye Brezil u kwezi kwa mbere. (Sun)

Real Madrid iriko iraganira n'umukinyi wa Chelsea Eden Hazard w'imyaka 26.

Umukinyi wo hagati wa Real Madrid Mrco Asensio w'imyaka 21, ateganya kuva uri uwo mugwi mu gihe Hazard yoja muri uwo mugwi. (Diario Gol, babicishije kuri Daily Star)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Antoine Griezmann

Umukinyi w'imbere wa Atletico Madrid Antoine Griezmann w'imyaka 26, vyitezwe ko aja gukina mu mugwi wa Barcelone (BBC Radio 5 live)

Manchester United ikeneye amapawundi arenga imiliyoni 35 ku mukinyi wo hagati Henrikh Mkhitaryan w'imyaka 28 (Daily Mail)

Umukinyi yariko araronderwa na Manchester United Sergei Milinkovic w'imyaka 22, yavuze ko amerewe neza mu mugwi wa Lazio, arangiza icizere ca Mourinho co mukugura amapawundi imiliyoni 95. (Mediaset Premium, biciye kuri Daily Star)

Umumenyereza wa Chelsea Antonio Conte yavuze ko atazemerera Manchester City kugura umukinyi Virgil Van Dijk w'imyaka 26 wo mu mugwi wa Southampton. (Goal)

Umumenyereza wa Southampton Mauricio Pellegrino agiye kubwira abarongoye uwo mugwi ko banka amahera ayo ari yo yose yo kugura Van Dijk mu kwezi kwa mbere. (Daily Echo)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Virgil van Dijk