Bristol City bazohura na Man City muri 1/2 y'igikombe ca EFL

Bristol City celebrate Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Bristol bagiye mu gice ca kabiri gishira ica numa mu nkino za EFL ariko ntibarigera bashika mu gice ca nyuma

Umugwi wa Bristol City uzohura na Manchester City mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino z'igikombe ca EFL, mu gihe Arsenal izotana mu mitwe na Chelsea.

Manchester City na Chelsea bazokina urukino rwabo rwa mbere mu ndwi izotangura itariki umunani z'ukwa mbere, hanyuma urukino rugira kabiri inyuma y'indwi zibiri.

Bristol yatsinze Manchester United bafise igikombe co mu mwaka uheze ibitego 2-1 kugira babe mu migwi ine ya mbere.

Manchester City yakuyemwo Leicester kuri panalite, Chelsea itsinda Bournrmouth 2-1 hanyuma Arsenal itsinda West Ham 1-0.

"Ni ibintu bishimishije," ni ko umumenyereza wa Lee Johson yabwiye Sky Sports.

"N'urundi rukino rukomeye tuzokina na Manchester City incuro zibiri zose. Ni akaryo keza ku bakinyi ko guhura n'abakinyi ba mbere beza."