Uganda: Urutonde rw'abantu bane bazotoramwo umumenyereza

Uganda football fans Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption In 2017 Uganda reached the African Cup of Nations finals for the first time in 39 years

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Uganda (FUFA) ryashize ahagaragara urutonde rw'amazina ane bazotoramwo umumenyereza w'umugwi nserukiragihugu imbere y'uko uyu mwaka urangira.

Umumenyereza mfatakibanza ahari ubu Moses Basena ari kuri urwo rutonde hamwe n'umufaransa Sebastien Desabre, Johnny McKinstry ko mu buraruko bwa Irlande hamwe n'umubiligi Emilio Ferrera.

Urwo rutonde ruzorungikwa k'umushikiranganji w'inkino mu gokorwa ca nyuma co gutora uwo mu menyereza, aho ingingo izofatwa imbere y'itariki 31 mu kwezi kwa mbere.

Akanama k'abantu batanu karongowe n'umunye Zambia Kalusha Bwalya ni ko kagize urwo rutonde.