Wenger arahayagiza abakinyi biwe mu rukino rwabahuje na Liverpool aho banganije ibitego 3-3

Wenger arahayagiza abakinyi biwe mu rukino rwabahuje na Liverpool aho banganije ibitego 3-3 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Wenger arahayagiza abakinyi biwe mu rukino rwabahuje na Liverpool aho banganije ibitego 3-3

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger arashimagiza abakinyi biwe ku nguvu bagize kugira banganye na Liverpool ibitego 3-3.

Arsenal yabanje gutsidwa 2-0, ariko abakinyi Alexis Sanchez, Grant Xhaka na Mesut Ozil baca batsinda ibitego bitatu mu minota itarenze itanu, imbere y'uko Roberto Firmino wa Liverpool yongeramwo ikindi.

Ariko umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp avuga ko umugwi wiwe wari gustinda incuro zitatu ku kibuga ca Emirates.

"Rwari urukino rukomeye," ni ko umumenyereza wa Arsenal, Wenger yavuze.

"Biramabaza kubona ntatsinze ariko ni urukino nk'uru umuntu aba akeneye mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

"Twakinanye ubwoba ntitwerekanye ubuhinga bwacu mu gice ca mbere, imbere y'uko Mohamed Salah igirego ca kabiri- imbere y'umunota umwe gusa ngo Sanchez acishure.

Image caption Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp

'Bisa n'uko twari gustinda 6-3 Arsenal'

Umugwi wa Liverpool umenyerezwa na Klopp wateye mw'igoli incuro icenda, ukaba wari gushobora guca wigira imbere mu kibanza urimwo iyo Sadio Mane, Salah na Firmino batahusha ibitsindo.

Hagati aho, umugwi wa Arsenal na wo winjije ibitego bitato mu ncuro zine bateye mw'igori.