Leicester City yanganije na Manchester United ibitego 2-2

Harry Maguire Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Harry Maguire amaze gutsindira umugwi wiwe wa Leicester incuro zitatu zose muri uyu mwaka

Jose Mourinho yanebaguye amakosa yakozwe n'umugwi amenyereza wa Manchester United mu gihe uza mu kibanza ca kabiri inyuma ya Manchester United mu rukino rwabahuje na Leicester City aho banganije ibitego 2-2.

Ico gitego ca kabiri ca Leicester City cinjijwe ku munota wa 94 n'umukinyi Harry Maguire.

Uwo munye Portugal abona ko yatakaje akaryomkeza mu gihe umugwi amenyereza waciye urushwa na City wa mbere amanota 13 - amanota menshe cane mu karuhuko ka Noheli atari bwigere aboneka mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mata ni we yinjije ivyo bitego vyose, kandi uguhindura abakinyi ku munota wa 83 nta co vyafashije

Bwabaye ubwa kabiri Manchester United itsindwa igitego mu mwanya w'inyongera, nk'igihe batsindwa 2-1 mu nkino z'igikombe ca EFL na Bristol City, mu gice ca kane gishira ica nyuma.